Uko wahagera

Uganda Ntiyemeye Abimukira Birukanywe na Israel


Abategetsi ba Reta ya Uganda bahakanye, uno musi ku wa kane, ko bemeye kwakira abimukira b’Abanyafrika ibihumbi n’ibihumbi birukanywe n’igihugu ca Israel.

Ivyo abategetsi ba Uganda babihakanye umusi umwe inyuma yuko Reta ya Israel itanguye umugambi w’ukwirukana ku butaka bwayo abimukira ibihumbi mirongo itatu n’umunani. Benshi mur’abo bimukira bava mu bihugu vya Eritreya na Sudani.

Amakuru atangwa n’abaharanira uburenganzira bw’ikiremwa muntu muri Israel bavuga ko Reta ya Isreal yagiraniye amasezerano n’ibihugu vy’Urwanda na Uganda vyemeye kwakira abimukira birukanywe ku butaka bwayo mu gihe bemeye ayo masezerano.

Uganda yamara irahakana kw’amasezerano nk’ayo ahari. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Uganda, Henry Okello Oryem, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, ko batewe impungenge n’amakuru avuga ku vyerekeye ayo masezerano. Amenyesha kw’ata masezerano nkayo ahari na Reta ya Israel ku vyerekeye kurungika abimukira bavuye muri Israel muri Uganda. Ntaco Reta y’Urwanda yabivuzeko buno nyene.

Israel yahaye abimukira gushika mu kwezi kwa gatatu kugira babe bavuye ku butaka bwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG