Abasirikare ba Nijeriya bagera kuri 30 gushika ubu ntawuzi irengero ryabo, inyuma y’aho baterewe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko haram ku kirindiro cabo muri reta ya Yobe, mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.
Amakuru atangwa n’umusirikare w’intwazangabo atashimye kumenyekana avuga ko ico gitero cabaye mu mpera z’indwi buca haba Noheil cahitanye abasirikare 5.
Avuga kandi ko batazi neza ko abo basirikare boba barahunze canke bagizwe imbohe na Boko haram.
Ico gitero cabaye mu gihe uwo muhari w’iterabwoba, wiciyemwo imirwi ibiri idacana uwaka, wongereje ubwicanyi mu mezi abiri aheze, hamwe n’imitego y'urutavanako kuva inyuma ya Noheli.
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari mw’ijambo yashikirije yipfuriza abanyagihugu umwaka mushasha, yavuze ko agiye gusezerera Boko haram.
Haraheze kandi imyaka ibiri we nyene avuze ko uwo muhari ivyawo vyasa n’ivyarangiye.
Kuva aho utanguriye ibitero mur’ico gihugu, abantu 20.000 baramaze gupfa abandi barenga imiliyoni zibiri barahunga kuva mu mwaka wa 2009 kandi ako karere kari mu bubangamiwe n’inzara kw’isi.
Facebook Forum