Uko wahagera

USA: Imbeho Imaze kwica Abashika 9


Uruzi Hudson River, mu gisagara ca Fort Lee, muri reta ya New Jersey rwacitse ibarafu
Uruzi Hudson River, mu gisagara ca Fort Lee, muri reta ya New Jersey rwacitse ibarafu

Abantu bashika 9 ni bo bamaze kumenyekana gushika ubu ko bishwe n’imbeho irenze urugero imaze indwi zitari nke muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kandi abakurikiranira hafi ibihe bavuga ko mu misi iri imbere ho bigiye kwunyuka.

Ikigo c’igihugu gikurikiranira hafi ihindagurika ry’ibirere kivuga ko ama reta 40 muri Amerika ariyo abangamiwe kuruta ayandi.

Ibitaro n’amavuriro muri Amerika vyakira uko umusi utashe abaremvye kubw’indwara zitandukanye zituruka ku mbeho.

Iyo mbeho yatumye kandi Igisagara ca New York, kur’uyu wa kabiri gihagarika ukwunguruza abantu mu mato kuko inzuzi zacitse ibarafu. Nayo muri reta ya Florida, televiziyo CNN yo muri Amerika yatangaje ko igisagara ca Orlando cugaye inzuzi z’amaratiro kuri ba mukerarugendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG