Uko wahagera

Burundi: Ikena ry'Isima mu Ntara ya Cibitoke


Abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke baridoga ko bataronke isima mu gihe ihinguriro BUSECO rikora iyo sima riri ngaho nyene ku murwa mukuru w’intara.

Mu gihe abarongoye iryo hinguriro ataco bashima kuvuga, umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Cibitoke ajejwe ivy’ubutunzi ashikiriza ko iryo kena ry’isima rituruka ku mwimbu muke kubera ikena ry’umuyagankuba.

Ahahora hadandarizwa iyo sima, abadandaza bavuga ko batakiyironswa . Ni mu gihe bavuga ko babona misi yose ibiduga bisohoka biva mw’ihinguriro biyitwaye ahandi.

Abo bakenera isima ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bafise amakenga ku kuntu n’iyibonetse bayigura ku giciro c’umurengero, kinyuranye n’ikizwi n’amategeko. Uno mu Nyarugombo akababazwa n’ingene ico kidandazwa gisigaye kidandarizwa mw’ibanga.

Umuhanuzi wa Buramatri w’intara ya Cibitoke ajejwe ibibazo vy’ubutunzi aremeza ko ku murwa mukuru w’iyo ntara hibonekeza ikena ry’isima. Rubin Tubirabe avuga ko iryo kena ry’isima rituruka ku bukene bw’umuyagankuba aho ku murwa mukuru w’intara.

Mu buyobozi bw’ihinguriro ry’isima BUCECO ntibashima kugira ico bashikirije. Ariko icibonekeza n’uko amamashini yo mw’ihinguriro ry’isima BUCECO ahinda ijoro n’umutaga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG