Uko wahagera

Ubwato 4 Bwafatiwe Ibihano na ONU


Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yafashe ingingo yo kubuza ibivuko vyose vyo kw’isi kwakira ubwato bune bwagirizwa gutwara ibidandazwa vyabujijwe mu bihano mpuzamakungu vyafatiwe Koreya ya ruguru.

Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP, mu makuru rivuga ko ryakuye muri ONU.

Iyo ngingo yasabwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, yari itumbereye ubwato cumi ariko Ubushinwa bwashigikiye guhana ubwato bune gusa, nkuko amakuru ava muri ONU abivuga. Nta mazina y’ubwo bwato aramenyekana.

Mur’uyu mwaka w’2017, inama ya ONU ijejwe umutekano imaze gufatira Koreya ya ruguru ibihano incuro zitatu. Mu kwezi kwa munani, ukw’icenda hamwe n’uku kwa cumi na kabiri.

Ubwo bwato bune bwafatiwe ibihano bwigirizwa kuba bwahora butwara mu mpisho ibizuku, ivyuma hamwe n’ifi zo muri Koreya ya ruguru mu bindi bivuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG