Uko wahagera

Amerika Iri mu Bihe vy'Imbeho Bikomeye cane


Umunyagihugu agendagenda mw'ibarabara mu gisagara ca Erie, muri reta ya Pennsylvania, U.S.A
Umunyagihugu agendagenda mw'ibarabara mu gisagara ca Erie, muri reta ya Pennsylvania, U.S.A

Reta zunze ubumwe z’Amerika iri mu bihe vy’imbeho nyinshi irenze urugero, cane cane mu bice vyo hagati no mu buseruko, kandi ivyo bigiye kubandanya gushika umwaka mushasha utangure.

Abagendereza ibihe baragabisha abantu kwikingira cane kugira ntibahure n’indwara ziterwa n’imbeho. Bavuga ko muri reta ya Minnesota imbeho iza igeze ku gipimo ca degre Celsius 37 munsi ya zero, ibiharuro biheruka mu mwaka w’1924.

Ni mu gihe abanyagihugu bo mu gisagara ca Erie, muri reta ya Pennsylvania, kur’uyu wa kane bari bagikura Neje yapima uburebure bw’imetero imwe n’igice yaguye mu ntango z’iyi ndwi.

Amashirahamwe yitanga mu gufasha mur’iki gihe ntiyorohewe mu gihe bariko bagerageza gutabara ababa mu mabarabara hamwe n’ingenzi zagiriye ingorane mu mabarabara atandukanye.

Mu gisagara ca New York, Buramatari Andrew Cuomo yagabishije abanyagihugu biwe hamwe n’ingenzi zihurumbira ico gisagara kwitegurira ibihe bikanye cane.

Ni mu gihe ama miliyoni y’abantu yitezwe mu kibanza ca Times Square mu mugenzo wama uba uko umwaka utashe aho baharurira hamwe amasegonde yanyuma imbere yuko umwaka musha utangura.

Ibisagara bikomakomeye bibangamiwe n’imbeho kuruta ibindi ni Chicago, St. Louis, New York, Washington na Atlanta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG