Uko wahagera

Uwatsinze Amatora ya Perezida wa Liberiya Ntaramenyekana


Abanyaliberiya bararindiye kumenya uwuzoba umukuru w’igihugu mushasha. Ni mu gihe abategetsi bajejwe amatora babandanya guharura amajwi yavuye mu matora y’incuro ya kabiri.

George Weah yahoze ar’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru n’icegera ca Prezida wa Liberiya, Joseph Boakai bariko barondera gusubirira Prezida Ellen Johnson Sirleaf. Uyu azoshikiriza amabanga yiwe inyuma yuko arangije ibiringo bibiri vy’umukuru w’igihugu. Ibwirizwa shingiro rya Liberiya rirekurira ibiringo bibiri gusa.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora rwatangaje ku rubuga Facebook kw’ivyavuye mu matora bishobora gutangaza uno musi ku wa kane.

Abategetsi bajejwe amatora bavuga kw’abitavye amatora incuro ya kabiri bisa nuko bari musi y’abari bitavye incuro ya mbere y’amatora yabaye kw’italiki cumi z’ukwezi kw’icumi.

Mu ncuro ya mbere, George Weah na Joseph Boakai ni bo bari baronse amajwi menshi. Ivyo vyatumye bashobora guhiganwa mu ncuro ya kabiri y’amatora.

Abo bakandida bompi bashimikiye mu gikorwa cabo c’ukwiyamamaza ku vyerekeye gutuma ubuzi buboneka, ku bijanye n’indero n’inyubako zifasha mw’iterambere.

Abanebagura Boakai, afise imyaka 73, bamwagiriza kw’ata kinini yakoze mu mabanga yiwe y’icegera ca Perezida Johnson Sirleaf. Naho abanebagura George Weah, afise imyaka 51. bavuga ko ata vyerekeye politike n’intwaro amenyereye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG