Uko wahagera

Ibitigiri Vyerekana ko Weah Ashobora Gutsinda Itora muri Liberiya


Abanyaliberiya bagiye mu matora y’incuro ya kabiri y’umukuru w’igihugu ku musi wa kabiri bararindiye ibiva mu gikorwa c’uguharura amajwi gishobora gufata imisi itari mike.

George Weah yahoze ar’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru n’icegera ca Prezida wa Liberiya, Joseph Boakai bariko bahiganirwa gusubirira Prezida Johnson Sirleaf. Vyitezwe ko Madamu Sirleaf atanga imihoho inyuma yuko arangije ibiringo bibiri.

Ibwirizwa shingiro rya Liberiya gitegekanya ibiringo bibiri gusa vy’umukuru w’igihugu. Mu ncuro ya mbere y’amatora, George Weah na Joseph Boakai ni bo baronse amajwi menshi. Ivyo vyatumye bashobora guhiganwa mu ncuro ya kabiri y’amatora.

Abo bakandida bompi bashimikiye mu gikorwa cabo c’ukwiyamamaza ku vyerekeye gutuma ubuzi buboneka, ku bijanye n’indero n’inyubako zifasha mw’iterambere.

Abanebagura Boakai, afise imyaka 73, bamwagiriza kw’ata kinini yakoze mu mabanga yiwe y’icegera ca Prezida Johnson Sirleaf. Naho abanebagura George Weah, afise imyaka 51, bavuga ko ata vyerekeye politike n’intwaro amenyereye.

Igitigiri c’abitavye amatora kivurwa ko cari musi y’ic’abitavye incuro ya mbere yabaye kw’italiki cumi z’ukwezi kw’icumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG