Uko wahagera

Unicef Iratabariza Abana muri Ukraine


Ku cicaro ca Unicef i Geneve, mu Busuwisi.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho abana kw’isi UNICEF, iragabisha ko abana bashika ku bihumbi amajana abiri baba mu karere k’ubuseruko bwa Ukraine kafashwe n’abagwanyi bashigikiwe n’Uburusiya, babangamiwe n’ugushobora kwicwa canke gukomeretswa n’amabombe yatezwe mu butaka bwaho.

Ubuseruko bwa Ukraine ni kamwe mu turere twa mbere kw’isi twatezwemwo amabombe menshi. Imyaka ine iraheze uduce twa Donetsk na Luhansk tubandanije kurangwamwo n’amabombe abangamiye abana baho.

UNICEF igereranya ko ayo mabombe atezwe mu butaka bw’ako karere, yoba yica canke akomeretsa umwana umwe buri ndwi. Ako karere kangana n’ibirometero 500 bitandukanya abasirikare ba reta ya Ukraine n’akarere kafashwe n’abarwanya ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG