Uko wahagera

Cholera Irabandanya Kwiha Inkumbi Muri Yemeni


Komite mpuzamakungu ya Croix-rouge (CICR) ryatangaje kur’uyu wa kane ko abantu baharurwa mu muliyoni aribo bafashwe n'ikiza ca Cholera muri Yemeni kuva ico gihugu kinjira mu ntambara, haraheze imyaka ibiri.

Ivyo biharuro nyene nivyo vyashikirijwe ku musi wa kabiri n’ayandi mashirahamwe akorera mur’ico gihugu, yaneguye amakungu ko yibagiye Yemeni.

Mu kiringo co kuva kw’itariki ya 27 y’ukwezi kwa kane gushika kw’itariki 8 y’ukwezi kwa cumi na kumwe 2017, OMS yashoboye gutohoza abantu ibihumbi 913.741 bafashwe na cholera, abashika 2.196 barapfuye.

OMS itangaza ko mu gihe amashirahamwe afasha atariko aroroherezwa mu bikorwa vyayo muri Yemeni, urugamba rwo kurwanya ikiza ca Cholera ntiruzokworoha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG