Inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu kw'isi yiteguriye gukoresha inama yihutirwa uyu musi ku wa kane yo kwihweza ukuntu yofata icemezo co kwiyamiriza ingingo ya Reta Zunze ubumwe za Amerika yo kwemera kw’igisagara ca Yeruzalemu arico murwa mukuru w’igihugu ca Isirayeli. Umushikiranganji wa mbere wa Isiyareli, Benjamin Netanyahu, yavuze kw’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano ar’inzu y’ibinyoma.
Netanyahu yagize ati: igihugu ca Isirayeli kiriyamirije iryo tora ritegekanijwe uyu musi. Yongeyeho ati, Yeruzalemu ni umurwa w’igihugu cacu, kandi tuzobandanya tuhubaka kandi tuhashira ambasade z’abanyamahanga; kanatsinda, Reta ya Amerika, ni yo izotangura kwimurira ambasade yayo mur’ico gisagara.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarahinduye politike y'igihugu ce ku vyerekeye Yeruzalemu mu ntango y’uku kwezi. Ivyo vyabaye igihe yatangaza ku mugaragaro ko Amerika ibona ko Yeruzalemu ariwo murwa mukuru w’igihugu ca Isirayeli, kandi igaca itangura kuhimurira ambasade yayo.
Iyo ngingo yaciye ituma inama mpuzamakungu ijejwe umutekano ifata icemezo ku musi wa mbere kivuga kw’itewe amakenga n’iyo ngingo yerekeye igisagara ca Yeruzalemu.
Ibihugu 18 ku bihugu 15 bigize inama nkuru ya ONU, vyarashigikiye ico cemezo. Yamara Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaciye zikoresha ububasha zifise bita veto, bwo kwankiriza ingingo, maze zica zirahagarika iyo ngingo.
Trump hamwe na Ambasaderi aserukira Reta ya Amerika mu nama mpuzamakungu, Nikki Haley, baciye bagabisha igihugu cose kitazoshigikira Amerika na Isirayeli.
Facebook Forum