Uko wahagera

Mnangagwa Yateye Akamo Abanyamitahe Kugaruka Muri Zimbabwe


Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe
Perezida Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe

Prezida w’igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yasubiye gutera akamo abanyamitahe b’abanyamahanga, kugaruka mu gihugu ciwe. Yabemereye kw’azokora ibishoboka kugira ubutunzi bw’igihugu ntiburangwe na ruswa.

Perezida Mnangagwa yatangaje ko Reta y’igihugu ciwe yiyemeje ku vyerekeye kwugururira amarembo abanyamitahe mu gushiraho ubutunzi bwigenga kandi bukorera ahabona.

Ivyo yabitangaje mw’ijambo yashikirije imbere y'inama nshingamateka ku kugene igihugu cifashe.

Mnangagwa w'imyaka 75 mur’iki gihe yashinzwe amabanga y’umukuru w’igihugu inyuma yuko Robert Mugabe atanze imihoho kw’italiki 21 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Imyaka 37 y’intwaro ya Mugabe yasize igihugu ca Zimbabwe mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi.

Ku ntwaro yiwe, Zimbabwe yarafatiwe ibihano n’amakungu kubera ugutyoza agateka ka muntu.

Perezida Mnangagwa, yiyemeje gusubira kunagura igihugu cayanzaye mu vy’ubutunzi.

Yemeye kandi kutihanganira na gato ruswa ivurwa kw’ariyo mpamvu nyamukuru y’ibibazo igihugu gifise.

Yasubiye kandi kwemera amatora arangwa n’ubwigenge kandi atagira akanenge mu mwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG