Uko wahagera

Intumwa Idasanzwe ya ONU Yangiwe Kwinjira Muri Myanmar


Yanghee Lee, Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku vyerekeye agateka ka muntu, mu gihugu ca Myanmar.
Yanghee Lee, Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku vyerekeye agateka ka muntu, mu gihugu ca Myanmar.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku vyerekeye agateka ka muntu, mu gihugu ca Myanmar, Yanghee Lee, yatangaje ko Reta yamuziririje kugendera ico gihugu kugira arabe uko ibintu vyifashe.

Ivyo bihuriranye n’ivyatangajwe n’igisirikare vy’uko catoye ibiziga vy’abantu 10 mu kinogo bari bafubwemwo mu ntara ya Rakhine, iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Iyo ntara ibamwo aba Rohingya b’abayislamu barenga 600,000.

Ico kinogo catowe ku musi wa mbere mu mihana y’ahitwa In Din. Igisirikare gitangaza ko kiriko kiragira itohoza

Lee ava mu gihugu ca Koreya y’epfo atangaza ko atangajwe kandi ababajwe n’ingingo y’igihugu ca Myanmar. Amenyesha ko hategerezwa kuba hari ibintu biteye agahinda biriko birabera mur’ico gihugu.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryiyamirije ingingo ya Reta ya Myanmar. Iryo shirahamwe ryasavye amakungu gusaba gushika mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG