Uko wahagera

Martin Ngoga Niwe Yatorewe Kurongora EALA


Martin Ngoga watorewe guhagararira u Rwanda muri EALA
Martin Ngoga watorewe guhagararira u Rwanda muri EALA

Umunyarwanda Martin Ngoga, niwe yatorewe ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC kur’uyu wa kabiri.

Ayo matora yabaye kur’uyu wa kabiri yabayemwo impari. Yitabwe n’ibihugu bine gusa, navyo ni u Rwanda, Kenya, Ubuganda hamwe na Sudani y’epfo. Ni mu gihe Uburundi hamwe na Tanzaniya vyanse kwitaba ayo matora.

Mu rwandiko Abarundi bashize ahabona bavuga ko ico kibanza kibwirizwa kuba ic’Umurundi, bitabaye uko ko amategeko azoba ahonyanzwe.

Inama nshikiranganji yari yaserukiwe, yaciye ihanura ko ico kibazo cohabwa inama y’abakuru b’ibihugu akaba ari yo izogitorera umuti.

Iyo nama ni nayo abashingamateka b’Abarundi batatse nk’umushingantahe yoja hagati kugira ibintu ntibiyangare.

Mw’ijambo yashikirije amaze kurahira ngo atangure amabanga yiwe, Ngoga yashimiye abamutoye ariko yemeza ko n’abatamutoye bazokorana neza kuko ari uburenganzira bwabo.

Yavuze ko atanguye akazi mu bihe bitoroshe. Asaba abo bagiye gukorana kwinanata bagashira imbere inyungu z’akarere kose aho gushira imbere inyuma z’abategetsi kanaka canke z’ibihugu vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG