Uko wahagera

Impunzi z’aba Rohingya Zigiye Gutahukanwa muri Myanmar


Ibihugu vya Myanmar na Bangladesh vyatanguye gushira mu ngiro umugambi wo gutahukana impunzi z’aba Rohingya zirenga 600 bahunze ubwicanyi mu ntara ya Rakhine iri mu buraruko bwa Myanmar.

Abategetsi b’ivyo bihugu, kuri uno wa kabiri, bahuriye Dhaka ku murwa mukuru wa Bangladesh, kugira basozere amasezerano y’ingene izo mpunzi zigwiriyemwo aba Isilamu zotangura gutahukanwa mu kwezi kwa kabiri ku mwaka uza.

Igihugu ca Myanmar cavuze ko kizokingira umutekano w’ impunzi z’aba Rohingya bose bipfuza gutahuka.

Igisirikare muri Myanmar cagirijwe akatari gake ubwicanyi ku ba isilamu b’aba Rohingya. Abahunze babwiye abaharanira agateka ka zina muntu ko abajejwe umutekano babahohoteye bikomeye, babaturirira amazu , bongera babafata ku nguvu.

Aba Rohingya muri Myanmar, bafatwa nk’abanyamahanga bakomoka muri Bangladesh. Ndetse hari na bumwe mu burenganzira badahabwa ugereranije na banyamwinshi bo mw’idini rya Buddha.

Hagati aho, ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryatangaje ko rirajwe ishinga n’ico ryise “Ishaka rike rya ONU ku kibazo ca Myanmar”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG