Uko wahagera

USA: Abashika 3 Barapfuye mw'Isanganya rya Tereni


Itereni yataye inzira iratembagara kur’uyu wa mbere muri reta ya Washington muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yishe abantu batatu abandi barenga ijana barakomereka.

Abategetsi mur’iyo reta bavuga ko ibiduga vyayo bishika kuri 14 vyatandukanye birata inzira y’indarayi bija kurwa ku miduga yariko irarengana mw’ibarabara mur’ako karere.

Ikompanyi Amtrak izo tereni zegukira yavuze ko zari zitwaye ingenzi 78 hamwe n’abakozi bayo 5.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yahojeje imiryango yabuze yipfuriza abakomeretse gukira n’ingoga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG