Uburusiya bwatangaje kur’uyu w’Imana ko ikigo CIA c’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu caburiye abategetsi b’Uburusiya mu kubaha amakuru y’ibitero vy’iterabwoba vyariko birategurwa n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gisagara ca St. Petersburg.
Uburusiya bwavuze ko Perezida Vladimir Putin yaterefone Perezida w’Amerika Donald Trump amushimira kur’ayo makuru yatanzwe n'ikigo CIA.
Ibiro vya perezida w’Amerika, White House vyatangaje ko amakuru yatanzwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika yatumye abategetsi b’Uburusiya bafata abiyahuzi batarakora ibitero vyari guhitana abantu batari bake. Nta murusiya yapfuye kandi abo biyahuzi barafashwe ubu bari mw’ibohero.
Abatagetsi b’Uburusiya bavuga ko bafashe ibisasu biturika vyari gukoresha mur’uyo mugambi, inkoho, amasasu hamwe n’inzandiko zibiba urwanko.
Amerika Yafashije Uburusiya Kuburizamwo Ibitero vy'Iterabwoba

Facebook Forum