Uko wahagera

Umugambwe ANC Witeguriye Umuyobozi Mushasha


 Icegera ca Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa
Icegera ca Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa

Abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo, ANC bagera ku bihumbi bitanu bari biteguriye, ejo ku musi w’Imana, mu gisagara ca Johannesburg gutora umuyobozi mushasha w’uwo mugambwe. Ayo matora abonwa n’abantu benshi kw’ari’ikintu gihambaye cane muri politike y’igihugu.

Umuyobozi mushasha w’umugambwe ANC azoba yatowe azosubirira Prezida Jacob Zuma, azoba arangije amabanga y’ukuyobora uwo mugambwe.

Yagirijwe amarorerwa atari make ya ruswa.Yamara Zuma azobandanya kuba Prezida wa Afrika y’epfo mu kiringo c’imbere y’amatora azoba mu gihugu mu mwaka w’i 2019.

Abanyepolitike babiri bakomeye cane mu mugambwe ANC, icegera ca Prezida Cyril Ramaphosa na Nkosazana Dlamini-Zuma yigeze kuba ar’umutambukanyi wa Prezida Zuma mu kiringo c’imyaka cumi n’itandatu bariko bahiganirwa gusubirira Zuma mu mabanga y’ukuyobora umugambwe ANC.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG