Uko wahagera

Amerika Isaba Impande Zose mu Burundi Guhagararira Amahoro


US capitol congress

Reta zunze ubumwe z’Amerika isaba Abanyepolitike batavugarumwe na Reta y’Uburundi kwirinda ico cose cohungabanya umutekano.

Basaba reta y’Uburundi kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kubijanye n’biringo vy’umukuru w’igihugu ntarengwa hamwe no gukorana n’akarere mu biganiro bigamije kuzana amahoro mu gihugu.

Ivyo biri mu cemezo cashikirijwe n’Abashingamateka batatu b’Amerika kur’uyu wa kabiri mu nama nshingamateka y’Amerika.

Abo bashingamateka ni Eliot L. Engel, wo mu murwi ukurikirana ivy’imigenderanire n’amakungu, Randy Hultgren wo muri Komisiyo y’agateka ka zina muntu hamwe na Karen Bass, wo mu murwi uraba imigenderanire n’Afrika, amagara n’agateka ka muntu ku rwego mpuzamakungu.

Umushingamateka Engel avuga ko ari ngombwa ko Reta y’Amerika igumiza amaso ku Burundi gushika aho reta hamwe n’abatavugarumwe nayo bitwaje ibirwanisho bahagarika ibikorwa vyo guhungabanya umutekano

Asaba inama ya ONU ijejwe umutekano hamwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afrika kuremera impande zose kurondera inyishu ya politike ku ruhagarara bavuga ko ruri mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG