Uko wahagera

Isango ry'Igice ca Kabiri c'Amatora muri Liberiya Ryatangajwe


Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Liberiya washinze ko igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu kiba kw’itariki ya 26 y’uku kwezi kwa cumi na kabiri 2017 hagati ya Georges Weah n’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai.

Uwo murwi utangaza kandi ko ibikorwa vyo kwiyamamariza ayo matora biza vyaratanguye kandi bizorangirana n’itariki ya 24 y’uku kwezi.

Igice ca kabiri c’amatora cari categekanijwe kw’itariki 7 y’ukwezi kwa cumi na kumwe cungurujwe na sentare nkuru y’igihugu, inyuma y’aho umwe mu bahiganwe mu gice ca mbere ashikirije ko ayo matora yabayemwo ubusuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG