Uko wahagera

Somaliya: Umumenyeshamakuru Yishwe n'igisasu


Mohamed Ibrahim Gabow
Mohamed Ibrahim Gabow

Igisasu caturitse ku murwa mukuru wa Somaliya cishe umumenyeshamakuru yakorera imwe mu ma televiziyo yo mur’ico gihugu ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere, ivyo bishikirizwa n’abavyiboneye hamwe n’abajejwe umutekano.

Abajejwe umutekano babwiye Ijwi ry’Amerika ko Mohamed Ibrahim Gabow yishwe n’igisasu catezwe mu modoka yiwe.

Gabow abaye umumenyeshamakuru wa gatanu yishwe muri Somaliya kugeza aho uyu mwaka wa 2017 ugeze ubu.

Somaliya ni kimwe mu bihugu vyo kw’isi abamenyeshamakuru batorohewe. Ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru CPJ rifise icicaro muri Reta zunze ubumwe z’Amerika rivuga ko abamenyeshamakuru bashika kuri 28 bamaze kwicwa muri Somaliya kuva mu mwaka wa 2005.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG