Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa gatatu ategekanya gutangaza ko Amerika yemeje ko Yerusalemu uba umurwa mukuru wa Isirayeli, agaca akura Ambasade y’Amerika i Tel Aviv.
Iyo ngingo ishobora kubonwa nabi mu karere k’Abarabu. Ariko ibiro vya perezida arivyo White House bitangaza ko Trump yemeza ko uko ariko bikwiye kumera.
Mu ntumbero yo gutegura amakungu kur’iyo ngingo yita ko itoroshe, Trump yaraterefonye kur’uyu wa kabiri abakuru b’ibihugu batanu bo mu karere k’Abarabu. Abo nabo ni umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, umukuru wa Palesitina Mahmoud Abbas, umwami wa Yorodaniya Abdullah.
Uwundi yaterefonye ni umukuru w’igihugu ca Misiri, Abdel-Fattah el-Sissi hamwe n’umwami wa Arabiya Sawudite Salman Bin Abdulaziz Al Saud.
Abategetsi mu biro kwa perezida bashikirije ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri ko Trump yemeza ko Yerusalemu atari gusa umurwa mukuru w’Abayahudi, ko ariko ni ho hamye hari icicaro ca reta ya Isirayeli kuva mu mwaka w’1948.
Bamwe mu bategetsi i Washington bashikirije amakenga ko hashobora kuba ubwicanyi bushobora kubangamira inyungu za Isirayeli na Reta zune ubumwe z’Amerika mur’ako karere.
Facebook Forum