Uko wahagera

Ramaphosa Akomeje Kuza Imbere Mu Matora y'ANC Muri Afurika y'Epfo


Cyril Ramaphosa, visi perezida w'Afurika y'Epfo
Cyril Ramaphosa, visi perezida w'Afurika y'Epfo

Muri Afurika y’epfo, umugambwe uri ku butegetsi ANC uri mu matora y’uwuzokorera mu ngata Perezida Jacob Zuma awurongoye kuva muri 2009.

Ibitigiri bimaze kuja ahabona mu ntara z’uburaruko nka Limpopo na KwaZulu Natal, vyerekana ko icegera c’umukuru w’igihugu Cyril Ramaphosa ari we afise amahirwe yo kuzohava atahukana intsinzi.

Ramaphosa amaze kwegeranya amajwi agera ku 1,859 mu ntara icenda. Uwo bariko barahiganwa, Nkosazana Dlamini-Zuma, yahora arongoye umuryango w’ubumwe bwa Afurika ageze ku majwi 1,330 muri izo ntara nyene.

Nkosazana Dlamini-Zuma
Nkosazana Dlamini-Zuma

Bitegekanijwe ko umugambwe ANC uhura ku magenekerezo ya 16 na 20 kuno kwezi, kugira wemeze uwuzoba yatowe nk’indongozi nshasha. Uwuzoramuka yemejwe, ni we azoca ahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu mwaka wa 2019.

Haheze amezi atari make, ihiganwa rya Ramaphosa na Madamu Dlamini-Zuma, yahoze ari umupfasoni wa Perezida Jacob Zuma ritera impari mu mugambwe wabo.

Abahinga mu vya politike muri Afurika y’epfo bemeza ko ari nkahamwe Nkosazana Dlamini-Zuma yotahukana intsinzi, bizotuma umugambwe ucikamwo ibice, kuko abatari bake batamwemera. Bamuhora ahanini ibiturire vyagirizwa Jacob Zuma yahoze ari umushingantahe wiwe, no kuba yaramwemereye ubudahangarwa mu butungane.

Umugambwe ANC uri ku butegetsi kuva mu mwaka w’1994. Uretse Ramaphosa na Dlamini-Zuma bariko barahiganira uburongozi bwa ANC, hari abandi bakandida batanu bahiganwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG