Uko wahagera

CPI mu Nzira yo Gukurikirana Igihugu Gitera Ikindi


Icicaro ca CPI mu Buholande
Icicaro ca CPI mu Buholande

Ibihugu 123 biri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kuva kur’uyu wa mbere bikoraniye ku cicaro ca ONU mu nama yama ibihuza buri mwaka.

Bariko barabira hamwe ko bemeranya ko icaha c’igihugu gitera ikindi coshirwa mu bindi vyaha bitatu iyo sentare isanzwe ikurikirana.

Amakuru atangwa n’umuhinga mur’ico gisata atashimye ko izina ryiwe rija ahabona avuga ko ico kibazo kitoroshe. Avuga ko har’ibihugu bishobora kuzokurikiranwa mu gihe ico caha cokwemezwa. Ivyo navyo ngo ni Uburusiya bwigaruriye intara ya Georgia na Crimea.

Abandi n'Abafaransa, Abongereza n’Abanyamerika boba bagirizwa urupfu rwa Kadafi muri Libiya, U Rwanda n’Ubuganda vyoba vyaragize kuvogera muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, hamwe n'ibihugu bitari bike bifise uruhara mu ntambara muri Siriya.

Hakenewe bibiri vya bitatu vy’ibihugu biri muri CPI kugira iryo tegeko ryemerwe n’ukuvuga ibihugu 82.

Kuva igishingwa gushik’ubu, CPI ihana ivyaha bihohotera ikiremwa muntu, ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara. Icaha c’igihugu gitera ikindi kirategekanijwe mur’ayo masezerano ariko ntikiremezwa kugira gitangure gukurikiranwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG