Uko wahagera

ONU Itewe Amakenga n'Intambara muri Yemeni


Imyotsi iva ahabera imirwano ku murwa mukuru Sanaa wa Yemeni.
Imyotsi iva ahabera imirwano ku murwa mukuru Sanaa wa Yemeni.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, asaba yinginga abafise uruhara mu ntambara muri Yemeni guhagarika ibitero vy’indege n’ivyo ku butaka. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu w’Imana n’umuvugizi wiwe, Stéphane Dujarric.

Dujarric amenyesha ko Guterres atewe amakenga n’intambara ziyongera hamwe n’ibitero vy’indege ku murwa mukuru Sanaa no mu zindi ntara za Yemeni mu misi iheze, aho abantu batari bake bahasize ubuzima, abandi baharurwa mu majana barakomereka.

Izo ntambara zibuza abatabara gushikira abakomeretse kandi abanyagihugu ntibaronka ingene baja gusuma ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwabo bwa misi yose, nkuko umuvugizi wa Guterres abandanya avuga.

Intambara muri Yemeni imaze guhitana abarenga 8.750 kuva aho igihugu ca Arabiya Sawudite hamwe n’ibihugu bicuditse bitanguriye kugira uruhara mur’iyo ntambara mu kwezi kwa gatatu 2015, ku ruhande rwa reta y’ico gihugu yahungiye mu bumanuko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG