Uko wahagera

OIM Yiyemeje Gutahukana Abimukira Bagotewe Muri Libiya


Abimukira bamuka muri Afrika bapfungiwe mu bigo muri Libiya.
Abimukira bamuka muri Afrika bapfungiwe mu bigo muri Libiya.

Abategetsi ba Reta ya Libiya ikorera ku murwa mukuru Tripoli, bafatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gufasha Abimukira, OIM, baratunganije kur’uyu wa kabiri ibikorwa vyo gutahukana n’indege Abimukira 140 bamuka muri Nijeriya.

Libiya kimaze indwi zitari nke gisugerejwe n’amakungu inyuma y’aho hasohorewe amasanamu yerekana Abimukira bagurishwa nk’abaja hafi y’umurwa mukuru Tripoli

Kur’uyu wa kabiri amashirahamwe OIM na HCR yatangaje ko Abimukira babayeho ubuzima bubi cane aho bakoranirijwe mu bigo bapfungiwemwo muri Libiya.

Ayo mashirahamwe yemeje ko yafashe ingingo yo kubakura mur’ivyo bigo birimwo abashika ibihumbi 15, mu kubatahukana n’indege mu bihugu vyabo vy’amavuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG