Uko wahagera

OMS: Ibihumbi vy'Abana kw'Isi Bicwa n'Imiti ya Magendo


Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus.
Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’Abantu, OMS, ritangaza ko umwe mu miti icumi igurishwa mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere atari imiti nyayo bwite ahandi usanga idakwije amategeko. OMS ivuga ko ivyo arivyo bituma ibihumbi n’ibihumbi vy’abana kw’isi bapfa mu gihe bari bakwiye gukingirwa.

Mu vyigwa vyakozwe n’abahinga kuva mwaka w’2007 gushika 2016 basanze 65 kw’ijana vy’imiti yitwa ko ivura Malariya na infection mu rurimi rw’igifaransa atari imiti nyezina ikwije ibisabwa.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko bibabaje kwumva umuvyeyi yemera agasonza kugira agurire umwana wiwe umuti yibaza ko uzomukiza mu nyuma ukaba ariwo umwica; ati ntawovyihanganira.

Ivyigwa vyakozwe n’umurwi w’abashakashatsi bo kuri kaminuza yigisha ibijanye n’indwara ziterwa n’isuku rike yo mu gisagara ca Londres m’Ubwongereza, vyerekanye ko abantu ibihumbi 116 bapfa buri mwaka mu gice c’Afrika kiri musi ya Sahara bicwa n’imiti y’amagendo.

OMS ivuga kandi ko ar’uko bimeze no mu ncanco z’agasama hamwe na menengite.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG