Uko wahagera

Amerika Iragabisha Sudani y'Epfo


Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley 2017.
Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Nikki Haley 2017.

Reta zunze ubumwe za Amerika yagabishije igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kur’uyu wa kabiri ko mu gihe kitohagarika intambara no kuburagiza abasirikare ba ONU hamwe n’amashirahamwe atanga imfashanyo kizokwibonerako.

Ambasaderi Nikki Haley aserukira Amerika muri ONU, yabwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi ko Amerika yiteguye gufatira Reta ya Sudani y’Ubumanuko canke uwundi muntu wese abangamira amahoro n’umutekano mur'ico gihugu.

Muri raporo ONU yasohoye kur’uyu wa kabiri, Reta ya Sudani y’Ubumanuko yagirizwa kubangamira amashirahamwe atanga imfashanyo nk’ikirwanisho ku ntambara n’abarwanya Reta mu gisagara ca Wau, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.

Kubw’amashirahamwe atanga imfashanyo, abana 164 hamwe n’abageze mu zabukuru baramaze gupfa bishwe n’inzara hamwe n’indwara kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kw’icenda 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG