Uko wahagera

Amerika Yishe Umu Al Shabab Umwe muri Somaliya


Map of Somalia highlighting Mogadishu.
Map of Somalia highlighting Mogadishu.

Uwukora iterabwoba umwe muri Somaliya yarishwe mu gitero c’indege cakozwe n’abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bafatanije n’inteko za reta ya Somaliya. Ivyo vyatangajwe n’umukuru arongoye inteko z’Amerika ziri ku mugabane w’Afrika.

Ico gitero cakozwe kur’uyu wa mbere mu masaha ya sa cenda z’umuhingamo muri Somaliya mu buraruko bushira ubuseruko.

Uwo mutegetsi mu gisirikare c'Amerika amenyesha ko abasirikare biwe bazobandanya gukoresha uburyo bemerewe n’amategeko bwose kugira bakingire Abanyamerika kandi batuze abakora iterabwoba.

Igitero co kur’uyu wa mbere gishikanye ku bitero 30 ingede za gisirikare z’Amerika zimaze kugaba mur’uyu mwaka ku barwanyi ba al-Shabab muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG