Uko wahagera

Umuganwa Harry ari Kumwe Icese na Meghan Markle


Umuganwa Harry n'umugenzi wiwe soma mbike Meghan Markle
Umuganwa Harry n'umugenzi wiwe soma mbike Meghan Markle

Umuganwa Harry yatangaje ko yasavye icese irembo rya Meghan Markle, umukinyi w’amasinema w’umunyamerikakazi.

Se wa Harry, umuganwa Charles yatangaje iyo nkuru uno musi ku wa mbere.

Iryo tangaza ryamenyesheje kw’ubugenzi hagati y’umuganwa Harry na Meghan Markle buzoba mu gice c’imbere y’ici mu mwaka uza w’i 2018.

Umuganwa Harry yabwiye umwamikazi Elizabeti n’abandi bamwegereye bo mu muryango wiwe ivyerekeye kuba ari kumwe icese na Meghan Markle.

Yatangaje kandi kw’abavyeyi ba Meghan Markle babimuhereye uburengenzira.

Abavyeyi ba Meghan Markle nabo nyene basohoye itangazo aho batangaje ko bahimbajwe cane n’inkuru y'uko Meghan na Harry bari kumwe icese.

Abavyeyi ba Meghan Thomas Markle na Doris Ragland baratandukanye.

Markle azwi cane mu ruhara afise mu gukina muri film yitwa, Suits. Aserukira kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’indero, gufungura neza n’amagara y’abantu ku bana kw’isi. Aharanira kandi uburinganire hagati y’ibitsina.

Markle aravanze. Se wiwe n’umuzungu mu gihe nyina wiwe ar’umwiraburekazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG