Uko wahagera

Papa Faransisiko Ategekanya Kugendera Myanmar


Papa Francisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika.
Papa Francisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika.

Papa Faransisiko, umwungere wa Ekleziya katolika azobonana n’umukuru w’ibiro vya gisirikare mu gihugu ca Myanmar hamwe n’Abayisilamu b’aba Rohingya bavuga ko bahamwa n’igisirikare c’igihugu.

Mu rugendo agiye kugira muri Myanmar, kuva kw’italiki ta 26 y’uku kwezi kwa cumi na kumwe, Papa Faransisiko azobonana na jenerali Min Aung Hlaing gato imbere yo kubandanya mu gihugu kibanyi ca Bangladesh.

Urwo rugendo agiye kurugira mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barega igisirikare ca Myanmar gutoteza inkehwa z’Abayisilamu.

ONU igereranya ko Abayisilamu bo mu bwoko bw’Aba Rohingya barenga ibihumbi amajana atandatu bamaze guhungira mu gihugu kibanyi ca Bangladesh, aho baba mu makambi y’impunzi.

Papa ategekanya kandi kubonana na bamwe mur’izo mpunzi igihe azogendera Bangladesh kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, itariki ya mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG