Uko wahagera

Ibihugu vy'Afurika Vyoba Bigiye Kuvavanura na Libiya?


Abimukira b'Abanyafrika muri Libiya.
Abimukira b'Abanyafrika muri Libiya.

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo catangaje kur’uyu wa kabiri ko cahamagaye ambasaderi waco muri Libiya inyuma y’aho bigaragariye ko hakorerwa urudandazwa rw’abantu.

Kinshasa yipfuza kumenya vy’ukuri uko vyifashe muri Libiya no gutahukana Abanyekongo mu gihe vyogaragara ko bari mur’abo bakorerwa ubuja.

Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Kongo w’imigenderanire n’ayandi makungu, Léonard She Okitundu.

Uwo mushikiranganji yipfuza ko ikibazo c’abimukira gikwiye kuba mu vya mbere bizokwigwa mu nama ya Afrika n’Ubumwe bwa buraya izobera i Abidjan mu mpera z’uku kwezi kwa cumi na rimwe.

Burkina Faso nayo nyene yarahamagaye ambasageri wayo muri Libiya inyuma y’aho hashikirijwe ayo makuru y’urudandazwa rw’ababyafrika mur’ico gihugu. Na Nijeri n’uko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG