Uko wahagera

Reta Ya Libiya Igiye Gutohoza ku Rudandazwa rw'Abimukira


Reta y’Ubumwe ya Libiya yatangaje kur’uyu w’Imana ko yatanguje amatohoza ku makuru yashizwe ahagaragara na Televiziyo CNN y’Abanyamerika avuga ko ku murwa mukuru Tripoli hakorerwa urudandazwa rw’abantu.

Umushikiranganji wa Libiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yatangaje ko reta yiwe ikurikiranira hafi ama raporo atangwa n’ibimenyeshamakuru kw’ikoreshwa ry’abimukira nk’abaja bikorwa n’abo yise abicanyi.

Yemeje ko mu gihe ivyo vyagiriji vyogaragara ko ar’ukuri, ababikora bazohanwa bimwe biboneka.

Raporo iherutse gushikirizwa na Televiziyo CNN yerekana abimukira bagurishwa icamunara muri Libiya ku madolari 400 y’Abanyamerika gusa.

Iyo raporo yakwiragijwe no ku mbuga ngurukana bumenyi yar’iteye ikigongwe, ndetse yatumye muri ONU no ku mugabane w’Afrika abatari bake batera ivyatsi iyo nyifato muri Libiya.

Kubw'ivyo, igihugu ca Nijeri catumyeko Ambasaderi wa Libiya i Niamey kwisigura ku makenga ya Perezida Mahamadou Issoufou kur’urwo rudandazwa rw’abimukira, bagirwa abaja muri Libiya. Ivyo bitangazwa na Ibrahim Yacoubou, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Nijeri.

Perezida Mahamadou Issoufou, yasavye ko ico kibazo coja ku rutonde rw’ibizokwigwa mu nama y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya itegekanijwe ku ma tariki ya 29 na 30 y’ukwezi kwa cumi na kumwe i Abidjan ku murwa mukuru wa Cote d’Ivoire.

Amashirahamwe atari make muri Nijeri nayo nyene yaraneguye bikomeye urwo rudandazwa rw’abimukira muri Libiya, igihugu kibanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG