Uko wahagera

USA: Integuro y'Itegeko ry'Amatagisi Ryemejwe n'Abashingamateka


Perezida w'Amerika, Donald Trump n'icegera ciwe Mike Pence bavuye mu nama nshingamateka kwumvikana kw'itegeko ry'Amatagisi
Perezida w'Amerika, Donald Trump n'icegera ciwe Mike Pence bavuye mu nama nshingamateka kwumvikana kw'itegeko ry'Amatagisi

Inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaremeje ejo ku musi wa kane integuro y’itegeko ritunganya gushasha ivyerekeye amatagisi mu gihugu. Bubaye ubwa mbere itegeko rigenga amatagisi rihinyanyurwa mu kiringo c’imyaka mirongo itatu.

Ivyo bihaye intsinzi kuri Perezida Donald Trump n’Abarepublikani intsinzi bari bakeneye cane rwose inyuma yuko ata tegeko rikomeye ryari bwashobore kurengana mu kiringo c’umwaka.

Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter, Perezida Trump avuga kugabaniriza amatagisi amashirahamwe n’Abanyamerika basanzwe bizogira akamaro gakomeye ubutunzi bw’igihugu.

Umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan yavuze kw’iyemezwa ry’itegeko ritunganya gushasha ivyerekeye amatagisi ar’intambwe ikomeye cane.

N’intsinzi ikomeye cane ku barepublikani inyuma y’uko bagerageje incuro zitari nke gukuraho n’ugusubiriza itegeko ryorohereza Abanyamerika kwivuza ryari ryateweko umukono na Barack Obama yahoze ari perezida w’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG