Uko wahagera

Perezida Salva Kiir Yoba Agiye Guhuza na Paul Malong


Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko( I bubamfu) na Paul Malong Yahoze arongoye ibiro vya gisirikare
Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko( I bubamfu) na Paul Malong Yahoze arongoye ibiro vya gisirikare

Perezida wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir hamwe n’uwahoze ar’umukuru w’ibiro bikuru vy’abasirikare basa n’abashize hamwe, inyuma y’indwi yar’iheze har’icuka kibi i Juba ku murwa mukuru cari gushobora kwadukamwo ugutana mu mutwe.

Ukwo gushirahamwe kwabaye kur’uyu wa kane mu masengesho yabahuje ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Juba. Amasanamu yakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi yerekana Paul Malong ahobera Perezida Kiir.

Malong yar’acungishijwe ic’amaso mu rugo iwe kuva mu kwezi kwa gatanu. Mu ndwi iheze abasirikare ba reta n’ibiduga vyabo barakikuje urugo rwiwe, inyuma y’aho yankiye gutanga abasirikare bamucungereraa ubuzima, ivyahatswe kuvamwo intambara.

Ku wa kane, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Sudani y’ubumanuko, David Shearer, yarashimiye reta ya perezida Kiir kubona yarashoboye gukemura mu mutekano ico kibazo na Malong cari kimaze indwi .

Shearer yabwiye abamenyeshamakuru ko bihambaye kandi ar’ivyo gushigikira mu gihe Abanyesudani y’ubumanuko botorera umuti ibibatandukanya hagati yabo ata makungu abigiyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG