Uko wahagera

ONU: USA n'Uburusiya Vyananiranwe kuri Siriya


Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano kw'isi
Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano kw'isi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryananiwe kwongereza ikindi kiringo c’umwaka abahinga baryo bariko baratohoza ku ruhara Siriya coba caragize mu gutera ivyuka vy’ubumara ku banyagihugu baco.

Integuro zibiri z’amategeko zibangabanganywe, iyateguwe n’Abanyamerika iyindi n’Uburusiya kur’ico kibazo, nta n’imwe yemejwe kur’uyu wa kane mu nama yaranzwemwo impari nyinshi y’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Uburusiya ku ncuro igira 10 ku kibazo ca Siriya yaranse integuro y’Abanyamerika bivanye n’igihagararo bufise mur’ako kanama.

Itora rya kabiri ku nteguro y’itegeko yateguwe n’Uburusiya nayo yahakanwe. Amakuru ava muri ONU avuga ko ikiringo c’uwo murwi utohoza kuri Siriya kirangira ku mugoroba wo kur’uyu wa gatanu, atari kuwa kane nkuko vyari vyashikirijwe.

Hasigaye amasaha make imbere yuko uwo murwi ufutwa. Bamwe mu ba dipolomate muri ONU batanze iciyumviro co kwiyongera imisi kugira Amerika n’Uburusiya baronka umwanya wo kwumvikana kur’ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG