Uko wahagera

Australiya Yoba Igiye Kwemeza Umubano w'Abahuje Ibitsina


Abaguhe ibitsina barwana munda hanze ya sentare nkuru muri Australia.
Abaguhe ibitsina barwana munda hanze ya sentare nkuru muri Australia.

Abanyagihugu muri Australiya baremeje ko igihugu cabo gishiraho itegeko ryemera kubana bahuje ibitsina. Ivyo vyavuye mu biharuro vyashizwe ahabona inyuma y’amatora yakozwe hakoreshejwe mu buryo bwa Posita, abanyagihugu bari bamaze amezi abiri babazwa uko bavyiyumvira.

Ibice 62% vy’imiliyoni 12’7 bitavye iryo tora baravyemeye, ivyo vyatangajwe n’ibiro vya Australiya bijejwe gutororokanya ibiharuro.

Ariko n’aho abanya Australiya benshi bashigikiye imibano y’abahuje ibitsina, iryo tegeko riracagoranye kuja mu ngiro kuko abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka b’ico gihugu gushik’ubu ntibarumvikana uburyo ryotangazwa nk’itegeko.

Kuv’aho ivyo biharuro bitangarijwe, ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu bashigikiye iyo ngingo baciye bakoranira mu mabarabara kwigina iyo ntsinzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG