Uko wahagera

ONU Yoba Koko Yarakingiye Abasivile muri Centrafrika?


UN MINUSMA

Igisata ca ONU kijejwe ibikorwa vyo kubungabunga amahoro catangaje kur’uyu wa mbere ko kigiye gutanguza amatohoza agamije kuraba aho abasirikare ba ONU muri Centrafrika batabashije gukingira abanyagihugu ibitero vy'imihari yitwaje ibirwanisho.

Umusirikare yakukurutse yamuka muri Benin w’ipete rya jenerali, Fernand Marcel Amoussou, niwe yagenwe kurongora ayo matohoza adasanzwe yigenga kuvyabaye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Centrafrika mu kiringo co kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa gatanu gushika itariki ya 31 y’ukwezi kwa munani 2017, nkuko bitangazwa na ONU.

Ayo matohoza azoshimikira ku bitero vyakozwe n’imihari yitwaje ibirwanisho ku basivile mu bice vyegereye ahari hacumbitse inteko za ONU za Minusca. Azoraba ico izo nteko zakoze kugira zikingire abanyagihugu.

Uwo murwi w’abatohoza witezwe muri Centrafrika kuva kur’uyu wa kabiri itariki 14 uzoshitse kuwa 28 y’uku kwezi kwa cumi na kumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG