Igisirikare c’igihugu ca Koreya y’epfo catangaje uno musi ku wa mbere kw’umusirikare wo muri Koreya ya ruguru yakoremetse inyuma yuko arashwe n’abandi basirikare b’ico gihugu igihe yariko agerageza guhungira muri Koreya y’epfo.
Ivyo vyabereye mu mihana y’ahitwa Panmunjom hafi y’ikibanza kiziririjwemwo ibikorwa vya gisirikare gitandukanya Koreya zombi.
Abategetsi ba Koreya y’epfo bemenyesha ko bakiye uwo musirikare wo muri Koreya ya ruguru inyuma yuko yinjiye ku butaka bwa Koreya y’epfo. Yajanywe mu bitaro mu nyuma yaho. Impamvu zatumye arondera guhunga igihugu ciwe nzitanenyekanye buno nyene.
Abanyakoreya ya ruguru ibihumbi n’ibihumbi bararondeye ubuhungiro muri Koreya y’epfo. Yamara kenshi abanyakoreya ya ruguru bashika muri Koreya y’epfo baciye mu gihugu c’Ubushinwa.
Facebook Forum