Uko wahagera

Abantu 34 Barapfuye mw'Isanganya rya Gariyamoshi muri RDC


Ahabereye isanganya rya Gariyamosi muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Igariyamoshi yaragize isanganya muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu w’Imana hapfa abantu 34 abandi bashika 26 barakomereka mu ntara ya Lualaba mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Buramatari w’iyo ntara, Richard Muyej Mangez, atangaza ko ivyo bitigiri bishobora kwiyongera kuko ibiduga vy’iyo gariyamoshi vyarimwo igitoro vyahiye. Avuga ko abakomeretse baciye batwarwa mu bitaro vy’ahitwa Lubudi ku birometero 30 uvuye i Buyofwe ahabereye iryo sanganya.

Radio Okapi ikorera mur'ico gihugu yatangaje ko iyo tereni yar’itwaye abantu hamwe n’ibidandazwa ibakuye i Lubumbashi yerekeza mu gisagara ca Luena, kandi ibiduga bikwegana 11 kuri 13 vyari biyigize vyarahiye. Icateye iryo sanganya ntikiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG