Uko wahagera

Ishengero Sutherland Springs Rishobora Kwugarwa Burundu


Urusengero First Baptist Church of Sutherland Springs muri reta ya Texas anahereye ubwicanyi
Urusengero First Baptist Church of Sutherland Springs muri reta ya Texas anahereye ubwicanyi

Pasitori Frank Pomeroy arongoye ishengero First Baptist Church yo mu gisagara ca Sutherland Springs muri Reta ya Texas ahareruka kwicirwa abayoboke 26 yavuze ko atipfuza ko bobandanya barusengeramwo kuko vyoba bibabaje.

Pomeroy, yanahaburiye umwana w’umukobwa, yatanze iciyumviro c’uko urwo rusengero rwogirwa ikibanza c’iyibukiro, hakazubakwa urundi rusengero mu kindi kibanza.

Ingingo ya nyuma izofatirwa mu nama y’abarongozi b’iryo shengero ariko umuvugizi w’ayo mashengero ku rwego rw’igihugu avuga ko ico cipfuzo gishobora gushigikirwa.

Mu bindi bibanza vyabayemwo ubwicanyi kivunga vyarugawe, akarorero ni kw’ishure rito rya Sandy Hook mu gisagara ca Newtown, muri reta ya Connecticut, aho umugabo yitwaje inkoho yishe abana 20 n’abandi bantu bakuze batandatu mu mwaka w’2012. Ishure rishasha ryaciye ryubakwa mu kindi kibanza.

Gushik’ubu icatumye ubwo bwicanyi muri Texas ntikiramenyekana, ariko umugabo yagikoze aboneka ko yarondera abo mu muryango w’umugore wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG