Umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga mu rugendo i Washington kur'uyu wa kane yaraneguye cane abadiplomate b'ibihugu vyo mu burengero bw’isi hamwe n’abarorerezi mpuzamakungu mu kuvuga ko bitwaye nabi mu matora yo muri Kenya.
Odinga yagize ati: "Naje i Washington n’ubu butumwa: Turakeneye intererano y’amareta yanyu kugira mufashe abadiplomate banyu bari I Nairobi, ati "Aba Ambasaderi banyu ntibashoboye guhagarika uruhagarara, ico bakoze kwabaye ukwongereza ingorane, harimwo n’abarorerezi barimwo n’Abanyafrika
Kubwa Odinga, Kenya kibandanya cinjira mu butegetsi bw’igikenye ati kandi benshi baribaza igituma ibihugu vyiyita ko bifise uburambe muri demokarasi bitariko birafasha.
Facebook Forum