Uko wahagera

Abana 8 Bari mu Bishwe mu Gitero muri Texas


Sutherland Springs, Texas
Sutherland Springs, Texas

Abana umunani barimwo uwar’agitwawe inda nibo bamenyekanye ko bishwe mu gitero c’inkoho co ku musi w’Imana mu rusengero muri reta ya Texas muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ivyo biri mu matohozwa yatangajwe kur’uyu wa gatatu n’abategetsi b’ahabereye iryo bara aho bariko bashira ahabona urutonde rw’abantu 26 basize ubuzima mur’ico gitero.

Devin Patrick Kelley, umugabo w'imyaka 26 yahoze mu gisirikare c’Amerika kirwanira mu kirere, niwe yabarashe abasanze aho bari mu rusengero, mu gisagara ca Sutherland Springs, mu gisa n’amatati hagati y’imiryango.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu muri Amerika Mike Pence kur'uyu wa gatatu yagendeye ico gisagara aho yabonanye n’imiryango yabuze ababo.

Umuryango umwe wonyene wabuze batandatu barimwo n’inda itari bwavuke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG