Uko wahagera

Abantu 26 Barishwe Barashwe muri Texas


Abajejwe ubutungane ahabereye ubwicanyi ku rusengeri First Baptist Church mu gisagara ca Sutherland Springs, Texas.
Abajejwe ubutungane ahabereye ubwicanyi ku rusengeri First Baptist Church mu gisagara ca Sutherland Springs, Texas.

Abantu 26 barapfuye abandi barenga 20 barakomereka inyuma y’aho barasiwe n’umugabo abasanze mu rusengero hafi y’igisagara ca San Antonio, muri reta ya Texas kur’uyu w’Imana.

Uwo yarashe nawe nyene yarishwe kandi icatumye akora iryo bara ntikiramenyekana.

Ibiro vy’inyamiramabi vya FBI hamwe n’abajejwe kuzimya imiriro bari mu matohoza mu gisagara ca Sutherland Springs aho vyabereye, ku birometero 50 uva San Antonio.

Perezida Donald yatangaje ku muhingamo wo kur’uyu w’Imana ko ariko arakurikiranira hafi ivyabaye ah’ari mu Buyapani, mu rugendo arimwo muri Aziya. Yasavye Abanyamerika gusengera abashikiwe n’ubwo bwicanyi.

Abategetsi muri Texas ntibaramenya neza ibiranga uwo mugabo, ariko ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika bitangaza ko yitwa Devin Kelley w’imyaka 26 yirukanwe mu gisirikare c’Amerika kirwanira mu kirere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG