Uko wahagera

OTANI Izongereza Abasirikare 3000 Muri Afuganistani


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTANI, Jens Stoltenberg.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTANI, Jens Stoltenberg.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTANI, Jens Stoltenberg yatangaje ko iryo shirahamwe ryafashe ingingo yo kwongereza abasirikare baryo muri Afuganistani.

Abo basirikare bahora ku bihumbi 13 bagiye kwongerezwa gushika ku bihumbi 16 bagizwe n’abahanuzi hamwe n’abafasha inteko za Afuganistani. Ivyo Jens Stoltenberg yabitangaje kur’uyu wa kabiri I Buruseli mu Bubirigi.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ubwayo yiyemeje kuzotanga abashika 2.800 abandi basigaye bazotangwa n’ibindi bihugu bihurukiye muri OTANI.

Perezida Donald Trump w’Amerika mu bihe vyo kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu yari yavuze ko azovana abasirikare b’Amerika muri Afuganistani ariko, inyuma yo kwihweza neza uko vyifashe mur’ico gihugu aho Abatalibani babandanya biyagurira uturere ubu bagenzura ibice bishika 40 kw’ijana yahisemwo guhindura ingendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG