Uko wahagera

Esipanye Casavye ko Carles Puigdemont Ahagarikwa


Umushikirizamanza wo mu gihugu ca Esipanye yarasavye ko hosohorwa umutahe mu bumwe bwa Bulaya wo guhagarika umukuru w’ intara ya Catalonye, Carles Puigdemont, amaze ikiringo kingana n’indwi i Buruseri mu Bubirigi.

Puigdemont ntiyigeze yitaba sentare yo mu gisagara ca Madrid, muri Esipanye, yari yamuhamagaje.

Uyo mugabo yahoze ar’umukuru w’iyo ntara, yariyamirije ibirego yagirizwa vyo kugumuka, yongera avuga kw’azosubira mu gihugu ca Esipanye, ar’uko aronse ivyemezo bivuga kw’urubanza rw’ibirego yagigizwa, ruzocibwa ku mugaragaro kandi ataho rwegamiye.

Mur’iki gihe kandi, umurwi w’abategetsi bo mu ntara ya Catalonye, barengutse imbere ya sentare kugira ngo bishure ku birego bagirizwa ko bagumutse, kandi banyuruje amafarnga igihe bari mu ntumbero yo kwiyonkora ku gihugu ca Esipanye.

Abashikirizamanza barashinze urubanza rwagiriza ivyaha abategetsi bo mur’iyo ntara 14, barimwo Carles Puigdemont hamwe n‘icegera ciwe, Oriol Junqueras.

Reta ya Esipanye yarafashe ingingo mu ndwi iheze yo gufata intara ya Catalonye, no gukura inama nshingamateka y’iyo ntara, inyuma y’aho kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kw’icumi, iyo ntara ikoreshereje itora ryo kwiyonkora, ikanatangaza ko yikukiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG