Uko wahagera

Perezida Trump Agiye Kugendera Aziya


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ari mu nteguro z'urugendo rw’imisi 12 ruzomushikana mu bihugu bitanu biri mu karere ka Aziya biri mu ruhagarara rwatewe n’iterabwoba rya Koreya ya Ruguru.

Urugendo azoba agize mu gihe Abanyamerika babona ko Koreya ya ruguru ariyo ntambamyi mur'iki gihe kuri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Trump ateganya kuzogendera Koreya y’epfo aho azobonana na Perezida Moon Jae-in hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu kw’isi mu biganiro bitumbereye ku bibazo vy’ingene bohangana na Koreya ya ruguru mu mugambi wayo wa Nikleyeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG