Uko wahagera

Etiyopiya Yarungitse Inteko Gufasha Reta ya Somaliya


Abasirikare ba Etiyopiya bo muri Amisom mu gisagara ca Baidoa, muri Somalia
Abasirikare ba Etiyopiya bo muri Amisom mu gisagara ca Baidoa, muri Somalia

Abasirikare ba Etiyopiya bitwaje ibirwanisho bikomeye cane baharurwa mu majana ku musi wa kabiri barinjiye muri Somaliya gufasha reta y’ico gihugu urugamba n’umuhari wa al-Shabab.

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Dolow kiri ku mupaka, mu ntara ya Gedo, bavuga ko babonye ikamyo zishika 30 zirimwo abasirikare ba Etiyopiya zinjira muri Somaliya ku mugoroba wo ku musi wa kabiri.

Abar’aho bavuganye n’Ijwi ry’Amerika batashimye ko amazina yabo amenyekana bagereranya ko abasirikare 1,000 ba Etiyopiya aribo binjiye.

Baje biyongera ku bandi bagenzi babo baharurwa mu bihumbi basanzwe bari muri Somaliya ku ruhande rw’inteko z’ubumwe bw’Afrika za Amisom zisanzwe ziriko zirwanya al-Shabab.

Izo nteko za Etiyopiya zinjiye mu gihe abasirikare ba reta ya Somaliya n’inteko za Amisom bariko bategura igitero simusiga ku barwanyi ba al-Shabab nkuko amakuru ava mu butegetsi bwa Somaliya abivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG