Uko wahagera

Ibibazo Byinshi ku Gitero cyo mu Gisagara ca New York


Isura y'ahabereye igitero cy'ikamyoneti mu gace ka Manhattan mu gisagara ca New York.
Isura y'ahabereye igitero cy'ikamyoneti mu gace ka Manhattan mu gisagara ca New York.

Abategetsi mu gisagara ca New York bariko bageregeza kumenya icatumye umudereva w’ikamyo yari yakodeshejwe yiroha mu bantu bari mw’ibarabara rikoreshwa n’abagendesha amakinga ku musi wa kabiri.

Cabaye igitero c’iterabwoba cihaye inkumbi kurusha ibindi bitero mu gisagara ca New York kuva habaye ibitero vy’iterabwoba mur’ico gisagara kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001. Abantu umunani barishwe abandi 11 barakomereka.

Uwagize ico gitero yamenyekanye kw’izina rya Sayfullo Saipov, ava mu gihugu ca Uzbekistani. Yinjiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka w’i 2010.

Bulamatari wa Reta ya New York, Andrew Cuomo yabwiye televiziyo CNN, ko Saipov yahinduwe n’ivyiyumviro vy’intagondwa ari ku butaka bwa Amerika.

Urwandiko rwatowe ahabereye igitero ruhayagiza Reta ya Kiyislamu. Uyu murwi w'iterabwoba nturiyitirira ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG