Uko wahagera

Perezida Trump Yifatiye mu Gahanga George Papadopoulos


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yifatiye mu gahanga, uno musi ku wa kabiri, George Papadopoulos, yigeze kuba umuhanuzi wiwe ku bibazo bijanye n’imigenderanire.

Bibaye umusi umwe inyuma yuko bimenyekanye ko Papadopoulos ko yemeye icaha c’uko yabeshe abapolisi b’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha FBI.

Yamara ko yemeye gukorana n’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller mw’itohoza ku vyerekeye ukwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka uheze.

Mu kwezi kwa gatatu mu mwaka uheze, Perezida Trump yavuze ko Papadopoulos, umuhanuzi mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye amasoso ntanganguvu n’ibitoro, ar’umuntu afise ubwenge bwinshi cane.

Yamara mu butumwa bushasha ku rubuga Twitter, Trump yatangaje kw’ar’abantu bake bazi Papadopoulos, afise imyaka mirongo itatu mur’ iki gihe, avuga kw’aza yerekanye kw’ar’umubeshi. Yatangaje kw’itangazamakuru ry’ibinyoma ririko rikora ritaruhuka mu gukwiragiza ibinyoma.

Perezida Trump yatangaje kw’ata sano afitaniye na Papadopoulos hamwe na Paul Manafort yahoze ayoboye abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ciwe, n’uwo bakorana mu vyerekeye imirimo y’ubudandaji, Rick Gates, bagirijwe n’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Muelller ivyaha vy’ukwifatanya n’abandi mu mugambi w’ukugirira nabi igihugu, gukoresha amafaranga avuye mu buryo butemewe n’amategeko n’ukubesha Reta.

Perezida Trump yatangaje kw’afise umwizero kw’abanyagihugu bazotangura gushimikira ku mugambi wiwe w’ukugabanya bikomeye amatagisi ku bagira imirimro y’ubudandaji n’abanyagihugu muri rusangi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG